Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:68 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

68 “Amashimwe ni ay’Umwami, Imana ya Isirayeli, kuko yaje gutabara no gucungura abantu bayo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

68 at’ Umwami ashimwe, Imana y’Abisirayeli, Kukw igendeye abantu bayo, ikabacungura;

Gade chapit la Kopi




Luka 1:68
24 Referans Kwoze  

Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: “Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo.”


Imana, Se w’Umwami wacu Yesu Kristo iragahezagirwa, yo yaduhezagiriye ahantu ho mw’ijuru imihezagiro y’impwemu yo mu buryo bwose muri Kristo.


Ako kanya nyene, ashika aho bari aca atangura gushima Imana no kubwira abari biteze ugucungurwa kwa Yerusalemu bose inkuru z’uwo mwana.


Amashimwe yose abe ay’Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo, kuko ku bw’imbabazi zayo nyinshi, yaduhaye kuvuka ubwa kabiri, mu kuzura Yesu Kristo mu bapfuye. Ubu dufise ivyizigiro bizima


Muri we ni ho twaherewe ugucungurwa biciye mu maraso yiwe, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu, kubera ubuntu bwayo bwinshi!


Bazogusambura, bagutikizanye n’ababa muri wewe. Ntibazosigaza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuko utigeze umenya igihe Imana yakugendereye.”


izodukiza abansi bacu, iturokore no mu maboko y’abatwanka.


natwe twari twizeye ko ari we yocunguye Abisirayeli. Kandi uwu ni umusi ugira gatatu ivyo bibaye.


Kristo yinjiye Ahera h’Ahera rimwe rizima, atitwaje amaraso y’impene canke ay’impfizi z’inka yo gutanga nk’ikimazi, ahubwo yinjiranye amaraso yiwe bwite. Uko ni ko yaturonkeye ugucungurwa kw’ibihe vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite