Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:66 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

66 Abavyumva bose vyabatera kwibaza mu mitima bati: “None uwo mwana azoba umuntu ki?” Kuko ubushobozi bw’Umwami Imana bwari kuri we.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

66 Abavyumvise bose babishira mu mitima yabo, bati Mbe non’ uyo mwana azoba umuntu ki? Kuk’ ukuboko kw’Umwami Imana kwari kumwe na we.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:66
16 Referans Kwoze  

Ikiganza c’Umwami Imana cari kuri bo, bituma abantu benshi bizera, bahindukirira Umwami Yesu.


Nuko basubirana na we i Nazareti, kandi yama abumvira. Nuko nyina abika ivyo vyose mu mutima wiwe.


Ariko Mariya we, yaguma azigama ayo majambo yose mu mutima wiwe, akayiyumvirako cane.


“Nimunyumvirize neza kandi mushire umutima ku vyo ngira ndababwire: Umwana w’Umuntu agiye gutabwa mu maboko y’abantu.”


Uwo mwana arakura, arakomera, agwiza ubwenge, kandi ubuntu bw’Imana bwari kuri we.


Uwo mwana arakura, arakomera mu mpwemu, aba mu bugaragwa gushika igihe yiyerekeye Abisirayeli.


Ukwo kwizera n’urwo rukundo vyubakiye ku kwizigira ivyo Imana ibabikiye mw’ijuru. Ivyo vyizigiro na vyo mwabikuye mw’ijambo ry’ukuri mwumvise, ari ryo Butumwa Bwiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite