43 Mbega nari iki kugira ngo nyina w’Umwami wanje angendere?
43 Kand’ iki kimbereyekw iki, nyina w’Umwami wanje kuza aho ndi?
Toma aramubwira ati: “Mwami wanje, Mana yanje!”
Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere.
Uwu musi, umukiza yabavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo, Umwami.
Ikirenze kuri ivyo, ni uko ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera kumenya ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,
Munyita ‘Umwigisha n’Umwami,’ kandi ivyo muvuga ni vyo, kuko ni ko biri.
Simbereye no kuza aho uri ngo duhure. Ariko vuga ijambo rimwe gusa, umukozi wanje arakira.
Ariko Yohana agerageza kumwankira, avuga ati: “Ni jewe nkwiye kubatizwa nawe, none uje ngo abe ari jewe nkubatiza!”
Yesu akiriko aravugana n’abantu isinzi bari aho, nyina na bene nyina baraza bahagarara hanze, bashaka kuvugana na we.
avuga n’ijwi rirenga ati: “Urahezagiwe mu bandi bagore bose, n’umwana ari mu nda yawe arahezagiwe.
Nabaye ncumva indamukanyo yawe, umwana ari mu nda aca ariginagura kubera umunezero.