Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:41 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Na we yumvise indamukanyo ya Mariya, umwana yari mu nda yiwe ariginagura. Elizabeti aca yuzuzwa Mpwemu Yera,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Maze Elisabeti yumvise indamukanyo ya Mariya, inda ikinagira muri we, Elisabeti yuzuzwa Mpwemu Yera,

Gade chapit la Kopi




Luka 1:41
15 Referans Kwoze  

Se Zakariya, yuzuye Mpwemu Yera, atangura kuvugishwa ati:


Nabaye ncumva indamukanyo yawe, umwana ari mu nda aca ariginagura kubera umunezero.


kuko azoba uwuhambaye imbere y’Umwami Imana. Ntazokoza umuvinyu ku munwa canke ikindi kintu cose kiboreza, kandi azoba yuzuye Mpwemu Yera kuva akiri mu nda ya nyina.


Maze Petero, yuzuye Mpwemu Yera, aravuga ati: “Batware nanwe bashingatahe b’ubu bwoko,


Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga.


Ariko Sitefano yuzuye Mpwemu Yera, arangamiza mw’ijuru, abona ubwiza b’Imana, abona na Yesu ahagaze i buryo bw’Imana.


Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,


Ntimukaborerwe umuvinyu, kuko bijana abantu mu buhumbu. Ahubwo, mwuzure Mpwemu Yera,


Bene Data, nimutoranye abantu indwi muri mwebwe, mushingira intahe ko buzuye Mpwemu Yera n’ubwenge, tubazeze ico gikorwa,


Hanyuma Yesu, yuzuye Mpwemu Yera, ava ku ruzi Yorodani ajanwa na Mpwemu mu bugaragwa,


Ashitse kwa Zakariya, aramutsa umugore wiwe Elizabeti.


avuga n’ijwi rirenga ati: “Urahezagiwe mu bandi bagore bose, n’umwana ari mu nda yawe arahezagiwe.


Nuko Ananiya aca aja kuri ya nzu arinjira. Arambika ibiganza kuri Sawuli, avuga ati: “Mwene Data Sawuli, Umwami Yesu, uwakwiyeretse uri mu nzira uza, yakuntumyeko kugira ngo uhumuke kandi wuzure Mpwemu Yera.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite