31 Raba ugiye gusama inda, maze uvyare umwana w’umuhungu, kandi uze umwite Yesu.
31 Umve, uzosama inda, uvyare umuhungu, kand’ uz’ umwite YESU.
Azovyara umwana w’umuhungu, nawe uze umwite Yesu, kuko ari we azokiza abantu biwe ivyaha vyabo.”
Ariko ntibigeze baryamana nk’umugore n’umugabo kugeza amaze kuvyara uwo mwana w’umuhungu; hanyuma amwita Yesu.
Ku musi ugira umunani, wa mwana amaze gukebwa, bamwita Yesu, nk’uko umumarayika yari yarabwiye Mariya imbere y’uko asama inda yiwe.
“Ehe, inkumi itarigera iryamana n’umugabo izosama inda ivyare umwana w’umuhungu hanyuma bamwite Emanuweli” (bisobanurwa ngo “Imana iri kumwe natwe”).
Maze igihe gikwiye kigeze, Imana irungika Umwana wayo, avyagwa n’umugore, avukira mu vyagezwe,
Ariko wa mumarayika aramubarira ati: “Zakariya we, ntutinye, kuko Imana yumvise ugusenga kwawe. Umugore wawe Elizabeti agiye kukuvyarira umwana w’umuhungu, na we uze umwite Yohana.
ku nkumi yitwa Mariya yari ikowe n’umusore yitwa Yosefu, wo mu muryango wa Dawidi.
None nimba Dawidi amwita ‘Umwami,’ yoba umwana wiwe gute?”