Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Mariya aterwa ubwoba bwinshi n’ayo majambo, yibaza ico iyo ndamukanyo isigura.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Ariko we ahagarika umutima cane w’iryo jambo, yibaza iyo ndamukanyo iy’ ari yo.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:29
12 Referans Kwoze  

Petero akiriko ariyumvira insobanuro y’ivyo yeretswe, ba bantu bavuye kwa Koruneliyo baba barashitse kuri ya nzu ya Simoni, bahagarara kw’irembo.


Koruneliyo na we amuhanga amaso yuzuye ubwoba, aramubaza ati: “Ni iki ga Mwami?” Wa mumarayika aramwishura ati: “Amasengesho yawe n’ibikorwa vyawe vy’imbazi vyaduze biba nkishikanwa ry’icibutso imbere y’Imana.


Zakariya amubonye afatwa n’ubwoba bwinshi.


Nuko basubirana na we i Nazareti, kandi yama abumvira. Nuko nyina abika ivyo vyose mu mutima wiwe.


Ariko Mariya we, yaguma azigama ayo majambo yose mu mutima wiwe, akayiyumvirako cane.


Abavyumva bose vyabatera kwibaza mu mitima bati: “None uwo mwana azoba umuntu ki?” Kuko ubushobozi bw’Umwami Imana bwari kuri we.


Maze abigishwa bavugana hagati yabo bati: “Ivyo abivuze kubera tutazanye imikate.”


Uwo mumarayika yinjira aho Mariya ari, amubwira ati: “Nezerwa! Umwami Imana akugiriye ubuntu, kandi ari kumwe na we.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite