Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ariko asohotse, ntiyashobora kuvugana na bo. Abantu baca batahura ko hari ivyo yerekewe mu rusengero, kuko yabavugisha akoresheje ibimenyetso vy’amaboko, ntavuge.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Maz’ asohotse ntiyagira ico ashobora kuvugana na bo, bamenya yuko har’ ico yerekewe ahēra h’urusengero: arabagereraniriza, agumya kuba ikiragi.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:22
8 Referans Kwoze  

Baca babaza se bakoresheje ibimenyetso ngo ababwire izina ashaka ko bita umwana wiwe.


Wa mukuru w’abasoda yemerera Pawulo, na we ahagarara ku ngazi, arabamama ngo batekane. Habaye agacerere, aca avugana na bo mu rurimi rwabo rw’Igiheburayo.


Bamwe mw’ikoraniro bumvisha Alegizandere, uwo Abayuda bashize imbere, ivyariko biraba. Nuko na we arabamama kugira ngo asigure ibiriko biraba.


Petero aca arabamama ngo batekereze, aca abiganira ido n’ido ukuntu Umwami Imana yamukuye mw’ibohero. Arababwira ati: “Murabibwira Yakobo n’abandi bene Data.” Aca ava aho aragenda.


Simoni Petero avunira akagohe uwo mwigishwa, amubwira ati: “Mubaze uwo ari we.”


Mu gihe ivyo vyariko biraba, abantu bari hanze, bagumye barindiriye Zakariya bibaza igituma yatevye mu rusengero umwanya munini.


Ikiringo c’ibikorwa vyiwe vy’ubuherezi kirangiye, asubira i muhira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite