Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Luka 1:17 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Azogendera imbere y’Umwami Imana afise impwemu n’ububasha nk’ivya Eliya, kugira ngo agarukane imitima y’abavyeyi ku bana babo, abatumvira Imana na bo abagarukane ku bwenge bw’abagororotsi; uko ni ko azotegurira abantu kwakira Umwami Imana.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Azoyiza imbere ari n’umutima wa Eliya n’ubushobozi bgiwe, ngw asanganye imitima ya ba se n’iy’ abana, n’intabarirwa azisubize ku bgenge bg’abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubgoko burorane.

Gade chapit la Kopi




Luka 1:17
38 Referans Kwoze  

Kandi nimba mushaka kwemera ivyo ndiko ndavuga, ni we Eliya abavugishwa bari baravuze ko azoza.


Kandi nawe, mwana wanje, uzokwitwa uwuvugishwa n’Iyisumbavyose, kuko uzokwitangira imbere Umwami Imana, ukamutegurira inzira.


Mwebwe ubwanyu muri ivyabona ko navuze nti: ‘Jewe sindi Kristo, ahubwo natumwe kumutegurira inzira.’


Nca mbona intebe z’inganji zicaweko n’abahawe ubushobozi bwo guca imanza. Hanyuma nca mbona imishaha y’abaciwe imitwe bahorwa gushingira intahe Yesu no kuvuga ijambo ry’Imana. Abo ntibigeze basenga ca gikoko canke ngo basenge igishushanyo caco, kandi ntibashizweko ikimenyetso caco ku ruhanga canke mu kiganza. Nuko basubira kuba bazima, baganzanya na Kristo imyaka igihumbi.


Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.


mushima Data yabashoboje gusangira n’abera biwe umugabane mu bwami bw’umuco.


Umuntu niyiyeza, azoba igikoresho c’icubahiro, cejejwe, kigirira akamaro nyene co, kandi giteguruwe gukora igikora ciza cose.


Ivyo ibikora kugira ngo ubutunzi bw’ubwiza bwayo burushirize gukayanganira abo yerekanirako imbabazi zayo, bateguriwe ubwo bwiza kuva kera.


Ni ko guca ndagutumako ubwo nyene, kandi wagize neza kuza. None rero ubu twese turi hano imbere y’Imana kugira ngo twumve ivyo Imana yagutumye kutubwira vyose.”


Ivyo narabibonye, ni co gituma nshinga intahe ko uwo ari Umwana w’Imana.”


Abo ntibavyawe mu buryo busanzwe, biciye mu kwipfuza kw’umubiri canke mu gushaka kw’umugabo; ahubwo bavyawe n’Imana.


Azogarukana Abisirayeli benshi k’Uhoraho, Imana yabo.


Yohana yama abwira Herode ati: “Ntivyemewe ko urongora uwo mugore.”


Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.


Yohana yambara impuzu ikozwe mu bwoya bw’ingamiya akayikenyeza umukanda w’urushato mu rukenyerero. Ivyokurya vyiwe vyari inzige n’ubuki bwo mw’ishamba.


Uwo Yohana ni we yari yaravuzwe n’uwavugishwa n’Imana Yesaya, igihe yavuga ati: “Hari ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimutegurire Uhoraho aho aca, mugorore inzira agenderamwo.’”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite