Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:42 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

42 Maze iyo nkuru ica yamamara i Yopa hose, kandi abantu benshi bizera Umwami Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

42 Bimenyekana i Yopa hose, benshi bizera Umwami Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:42
17 Referans Kwoze  

Ababa i Luda n’i Sharoni bose bamubonye agendagenda, barihana bizera Umwami Yesu.


kuko kubera we, Abayuda benshi bariko barabavako bizera Yesu.


Ivyo vyatumye Abayuda benshi bari baje kugarukira kuri Mariya bizera Yesu, bamaze kubona ivyo akoze.


Ikiganza c’Umwami Imana cari kuri bo, bituma abantu benshi bizera, bahindukirira Umwami Yesu.


Nuko Yesu arasemerera ati: “Uwunyizera ntaba yizeye jewe gusa, ariko aba yizeye n’uwantumye.


Yesu avyumvise, aravuga ati: “Ingwara ya Lazaro si iyo kumwica. Ahubwo ni iyo kwerekana icubahiro c’Imana, kugira ngo Umwana w’Imana ahabwe icubahiro biciye muri yo.”


Kandi i Yopa hari imwigishwa yitwa Tabita (mu Kigiriki ryasobanura Dorukasi, ni ukuvuga Ingeregere), yama akora ibikorwa vyiza, afasha abakene.


Kubera i Luda n’i Yopa hari hegeranye, abigishwa b’i Yopa bumvise ko Petero ari i Luda, bamutumako abagabo babiri bati: “Turakwinginze ushike iwacu udatevye.”


Petero aca amara imisi myinshi i Yopa kwa Simoni, yakora ivyo gutunganya insato.


Nuko rero rungika abantu i Yopa, bazane umugabo yitwa Simoni ari we Petero.


Nuko ababwira ivyabaye vyose aca abatuma i Yopa.


“Nari i Yopa ndiko ndasenga, hanyuma mera nk’uwutwawe n’agatiro, nca ntangura kwerekwa. Mbona ikintu kimeze nk’igitambara kinini cururuka kiva mw’ijuru gifashwe ku mitwe yaco uko ari ine, gishika aho nari ndi.


na we aca atubwira ko yabonye umumarayika ahagaze mu nzu iwe amubwira ati: ‘Rungika abantu i Yopa bazane umuntu yitwa Simoni ari we Petero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite