Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:41 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

41 Petero aca amufata ukuboko aramuhagurutsa. Hanyuma ahamagara abizera, na canecane abapfakazi, amubashikiriza ari muzima.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

41 Amufata ukuboko, aramuhagarika. Maz’ ahamagara abera n’abapfakazi, amubaha ari muzima.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:41
15 Referans Kwoze  

Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi.


Nuko Yesu yegera aho aryamye, amufata ukuboko, aramuhagurutsa. Bwa bushuhe buca burahera, aca arabazimana.


Nuko batahana wa musore ari muzima, batewe intege cane.


Aca amufata ukuboko kw’i buryo, aramuhagurutsa, ubwo nyene ibirenge vyiwe n’ingingo zavyo bica birakomera.


Wa muhungu yari yapfuye aravyuka, atangura kuvuga, Yesu aca amusubiza nyina.


Ageze hafi y’irembo ry’igisagara, haza abantu bagiye guhamba umuntu. Yari umuhungu w’ikinege kandi nyina yari umupfakazi. Hariho kandi n’isinzi ry’abantu bo muri ico gisagara bari bamuherekeje.


Ananiya arishura ati: “Mwami, narumvise benshi bavuga ivy’uwo muntu n’amabi yakoreye abera bawe i Yerusalemu.


Nuko Petero agendagenda muri izo ntara zose, hanyuma amanuka kuramutsa abizera b’i Luda.


Witeho abapfakazi batagira uwubaraba.


Umupfakazi atagira ic’epfo ca ruguru, asigaye ari wenyene, ashira ivyizigiro vyiwe mu Mana, akama ayisenga ijoro n’umurango kugira ngo imufashe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite