Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Maze agwa hasi, yumva ijwi rimubwira riti: “Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:4
22 Referans Kwoze  

Umubiri ni umwe n’aho ugizwe n’ibihimba vyinshi; kandi n’aho ibihimba vyawo ari vyinshi bigize umubiri umwe. N’umubiri wa Kristo ni uko.


Raba rero ingene Imana igira neza, ariko kandi igahambara: yahambariye abaguye, ariko wewe ikugirira ubuntu, nimba ushishikara kugendera muri ukwo kugira neza kwayo. Bitari ukwo, na wewe uzocibwa nta kabuza.


kuko turi ingingo z’umubiri wiwe.


Mbega ni nde yababwiye ko muruta abandi? Hari ico mufise mutahawe? None nimba mwaragihawe, ni kuki mwishira hejuru nk’aho mutagihawe?


Bahejeje gufungura, Yesu abwira Simoni Petero ati: “Simoni mwene Yohana, urankunda kurusha aba?” Petero aramwishura ati: “Egome, Mwami, urazi ko ndagukunda.” Yesu na we ati: “Gaburira imyagazi y’intama zanje.”


Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’


Yesu aca aramuhamagara ati: “Mariya.” Na we arahindukira aramuraba, aca arasemerera mu rurimi rw’Igiheburayo ati: “Rabuni!” (bisigura “Mwigisha”).


Yesu avuze ati: “Ni jewe,” baca bagenza umugongo, baratemba.


Ariko Umwami Yesu aramwishura ati: “Marita, Marita, reka guhagarika umutima, wigora muri vyinshi.


Ubwo nyene aca agwa hasi imbere y’ibirenge vya Petero, aracikana. Ba bantu baca barinjira, basanga na we arapfuye, baca baja kumuhamba, bamuryamika i ruhande y’umugabo wiwe.


Na we arabaza ati: “Uri nde ga Mwami?” Rya jwi na ryo riti: “Ndi Yesu, uwo uriko urahama.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite