Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:39 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Nuko Petero arahaguruka asubirana unyuma na bo. Bashitse baca bamutwara muri cuba co hejuru. Abapfakazi bose baraza bakikuza Petero bararira, bamwereka amakanzu n’izindi mpuzu Dorukasi yari yarabakoreye akiri kumwe na bo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Petero arikora, ajana na bo: ashitseyo bamujana muri ya nzu yo hejuru, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:39
26 Referans Kwoze  

Iyo tubasengera ku Mana ari yo Data, twama twibuka ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, ibikorwa vyanyu bisunitswe n’urukundo, hamwe rero n’ukwihangana kuva mu vyizigiro mufise mu Mwami wacu Yesu Kristo.


Uwiba ntakongere kwiba, ariko atangure gukora, akoreshe amaboko yiwe mu buryo bwiza kugira ngo aronke ikimutunga n’ico gufashisha umukene.


Bana nkunda, urukundo rwacu ntirukwiye kuba urwo mu majambo n’akarimi gasosa gusa; ahubwo rukwiye guserukira mu bikorwa no mu kuri.


Bene Data, turashaka ko mumenya ibizoba ku basinziriye itiro ry’urupfu (abitavye Imana), kugira ntimwicwe n’umubabaro nk’abadafise ivyizigiro.


Kuko iyo umuntu afise umutima wo gutanga, Imana ntiyakira ico adafise, ahubwo yakira ico afise.


Muri vyose, naberetse akarorero keza ko dutegerezwa gukora cane kugira ngo dufashe abatishoboye, twibuka amajambo y’Umwami Yesu ubwiwe, we yavuze ati: ‘Hari umugisha mu gutanga kurusha mu guhabwa.’ ”


Petero aca amufata ukuboko aramuhagurutsa. Hanyuma ahamagara abizera, na canecane abapfakazi, amubashikiriza ari muzima.


Abantu bubaha Imana baraza bahamba Sitefano, baramugandarira cane.


Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi.


Nkiri kumwe na bo, nabazigamiye mu bushobozi bw’izina ryawe, rimwe wampa. Narabarinze kandi nta n’umwe muri bo yazimiye kiretse umwe yategerezwa kuranduka kugira ngo Ivyanditswe bishike.


Aboro bo muzokwamana, ariko jewe ntimuzonyamana.”


Aca ababarira ati: “Ibi ni vyo nari narababwiye nkiri kumwe namwe, ko ivyanditswe kuri jewe vyose mu Vyagezwe ya Mose, mu vyanditswe n’abavugishwa n’Imana no muri Zaburi, bitegerezwa gushika.”


Akoze ivyo ashoboye. Asutse aya mavuta ku mubiri wanje imbere y’igihe, kugira ngo awutegurire guhambwa.


Aboro muzokwamana, ariko jewe ntimuzonyamana.


Yesu yishura avuga ati: “Yemwe bantu b’iki gihe mutizera kandi mwononekaye mu mitima, nzobana namwe gushika ryari? Nzobihanganira kugeza ryari? Nzanira uwo mwana hano.”


Bashitse, baca baja mu cumba co hejuru, ico bari bamazemwo imisi. Abo bari aba: Petero, Yohana, Yakobo, Andereya, Filipo, Toma, Baruteremi, Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote, na Yuda mwene Yakobo.


Witeho abapfakazi batagira uwubaraba.


Umupfakazi atagira ic’epfo ca ruguru, asigaye ari wenyene, ashira ivyizigiro vyiwe mu Mana, akama ayisenga ijoro n’umurango kugira ngo imufashe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite