Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Ariko abizera babimenye, baca bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Ariko bene Data babimenye, bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:30
11 Referans Kwoze  

Inyuma y’aho Barunanaba aca aja i Taruso kurondera Sawuli.


Umwami Yesu aramubwira ati: “Haguruka uje kw’Ibarabara Rigororotse, ushitse i muhira kwa Yuda, ubaze umugabo yitwa Sawuli ava i Taruso, kuko ariko arasenga.


Filipo aca asubira kubonekera muri Azoto, ahaca avuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vyose gushika ashitse i Kayisariya.


Mvuye aho, naciye nja mu ntara za Siriya na Kilikiya.


Abaherekeje Pawulo bamushikana muri Atenayi, baca basibura i Beroya. Nuko Pawulo abatuma kuri Silasi na Timoteyo ababwira ko boca bamusangayo badatevye.


Bugorovye, bene Data barungika Pawulo na Silasi i Beroya. Bashitseyo, binjira mw’isinagogi y’Abayuda.


Yesu ashitse i Kayisariya mu bwami bwa Filipo, abaza abigishwa biwe ati: “Mbega abantu bavuga ko jewe Umwana w’Umuntu ndi nde?”


Nibabahama mu gisagara kimwe, muze muhungire mu kindi. Ndababwira ukuri ko mutazoheza kugendagenda mu bisagara vyose vya Isirayeli Umwana w’Umuntu ataraza.


Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abizera (bashika nk’ijana na mirongo ibiri),


Aho twahasanze bene Data, baca baratwakira badusaba ko twomarana na bo imisi indwi. Hanyuma turabandanya dushika i Roma.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite