Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Yama avugana yongera aharira n’Abayuda bavuga Ikigiriki, ariko bo bakama barondera ingene bomwica.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 avuga ashize amanga mw izina ry’Umwami Yesu; yaravuga ahārīra n’Abayuda bāvuye i Bugiriki: na bo barondera ingene bomwica.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:29
13 Referans Kwoze  

Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi.


Ariko na Mikayeli, Umumarayika mukuru, aho yariko araharira na Satani bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumutuka, ariko yavuze ati: “Uhoraho aguhane!”


nagenze ingendo nyinshi kandi ndende. Nahatswe gutwarwa n’inzuzi, nahatswe kwibwa, nahatswe kwicwa n’ubwoko bwanje, nahatswe kwicwa n’Abanyamahanga, nahatswe kwicirwa mu bisagara, nahatswe kwicirwa mu misozi, nahatswe kugwa mu kiyaga, nahatswe kwicwa n’abigira bene Data.


Ariko bamwe muri bo, abava i Kupuro n’i Kurene, baja muri Antiyokiya, batangura kwigisha n’Abagiriki na bo, bababwira Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu Kristo.


Pawulo aca yinjira mw’isinagogi, amara amezi atatu yigisha ashize amanga, aharira n’abantu akabemeza ivy’Ubwami bw’Imana.


Bashitse muri Efeso, Pawulo abasiga ngaho, we aragenda yinjira mw’isinagogi y’Abayuda guharira na bo.


Ivyo vyatumye yama aja mw’isinagogi yaho, agaharira n’Abayuda n’Abagiriki bubaha Imana, kandi imisi yose yama aja mu bibanza abantu bahuriramwo, agahaririraho n’abo ahasanze.


Ariko Baranaba aramufata amujana ku ntumwa, abasigurira ingene Sawuli yahuye n’Umwami Yesu ari mu nzira aja i Damasiko akavugana na we, n’ingene i Damasiko yigishije mw’izina rya Yesu ata bwoba.


Bene Data nkunda, naho nari nipfuje cane kubandikira ku bijanye n’agakiza dusangiye, numvise ngoberwa kwandika ndabahimiriza ngo mugwanire ukwizera abera b’Imana bahawe rimwe rizima.


Maze Sawuli aca agumana n’intumwa i Yerusalemu yidegemvya, yigisha ashize amanga mw’izina rya Yesu.


mbona Umwami Yesu ambwira ati: ‘Ihute uve i Yerusalemu kuko abaho batazokwemera intahe unshingira.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite