Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 9:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Umwami Yesu aramubwira ati: “Haguruka uje kw’Ibarabara Rigororotse, ushitse i muhira kwa Yuda, ubaze umugabo yitwa Sawuli ava i Taruso, kuko ariko arasenga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Umwami aramubarira, ati Va hasi, uje mu nzira yitwa Igororotse, ubarizeyo mu rugo kwa Yuda umuntu yitwa Sauli w’i Taruso, kukw arikw arasenga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 9:11
28 Referans Kwoze  

“Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso muri Kilikiya, ariko nakuriye hano i Yerusalemu, nigishwa na Gamaliyeli kwitondera ivyagezwe vya ba sogokuruza mu kuri kwavyo kwose. Nagize ishaka ryinshi ryo kwubaha Imana nk’uko namwe muri hano uwu musi muyubaha.


Pawulo arishura ati: “Ndi Umuyuda w’i Taruso muri Kilikiya, umunyagisagara kidasanzwe. Ndakwinginze unyemerere ngire ico mbwira aba bantu.”


Ariko abizera babimenye, baca bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.


Inyuma y’aho Barunanaba aca aja i Taruso kurondera Sawuli.


na we aca atubwira ko yabonye umumarayika ahagaze mu nzu iwe amubwira ati: ‘Rungika abantu i Yopa bazane umuntu yitwa Simoni ari we Petero.


Maze umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo ati: “Va hasi ufate inzira ija mu bumanuko, iva i Yerusalemu ija i Gaza, imwe batagicamwo.”


Kandi umuntu wese azokwambaza izina ry’Uhoraho azokizwa.’


Yesu aramwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabire y’Imana, akamenya n’uwugusavye amazi yo kunywa uwo ari we, wari kumusaba na we akaguha amazi y’ubugingo.”


Nuko niwihane ivyo vyiyumviro bibi, usenge Umwami Imana. Kumbure yoguharira ivyo vyiyumviro bibi biri mu mutima wawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite