Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Kuko benshi barakira impwemu mbi, zikabavamwo zikoma induru, abanyunyutse n’abacumbagira bagakira.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kuko benshi muri bo bāri binjiwemwo n’impwemu zihumanye zābavamwo, ziboroga n’amajwi arenga; kandi n’abāri bamugaye n’abacumbagira benshi barakizwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:7
16 Referans Kwoze  

Yesu ahamagara abigishwa biwe cumi na babiri abaha ububasha bwo kwirukana impwemu zihumanye no gukiza ubumuga bwose n’ingwara zose.


Abantu isinzi bama bakorana bavuye mu mihana ikikuje Yerusalemu, bazanye abagwaye n’abafashwe n’impwemu mbi, kandi bose barakira.


Imana na yo yashigikiye intahe yabo ibicishije mu bimenyetso n’ibitangaza bitandukanye yakoze, hamwe n’ingabire za Mpwemu Yera yatanze uko ibishatse.


Ndababwire ukuri, uwunyizera wese azokora ibikorwa nk’ivyo nakoze, mbere azokora n’ibibiruta, kuko jewe ngiye kuja kwa Data.


Bamwe mirongo irindwi na babiri bagarutse, baza bafise umunezero mwinshi bavuga bati: “Mwami, n’abadayimoni baratwumvira mw’izina ryawe.”


Ya mpwemu ihumanye ivuza induru, ijegeza cane wa mwana, hanyuma imuvamwo. Uwo mwana aca amera nk’uwupfuye, kandi benshi bavuga bati: “Arapfuye.”


impumyi zirahumuka, ibimuga biragenda, abanyamibembe barahumanuka, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa ubutumwa bwiza.


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Maze abantu isinzi bumvise amajambo ya Filipo, bakabona n’ibitangaza akora, baca bashira umutima ku nyigisho ziwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite