Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Abasanzaye bagenda barigisha ijambo ry’Imana aho baba bageze hose.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Arikw abāsābagiye bagendagenda bavuga ijambo ry’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:4
8 Referans Kwoze  

Nuko abari barasabagiye kubera ihamwa ryari ryatanguranye n’urupfu rwa Sitefano baragenda gushika i Foyinika, i Kupuro n’i Antiyokiya, babwira ijambo ry’Imana Abayuda bonyene.


Na Sawuli ni ho yari ari, kandi yari ashigikiye ko Sitefano yicwa. Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, basanzarira i Yudaya n’i Samariya.


Nibabahama mu gisagara kimwe, muze muhungire mu kindi. Ndababwira ukuri ko mutazoheza kugendagenda mu bisagara vyose vya Isirayeli Umwana w’Umuntu ataraza.


Nk’uko mubizi, twari twabanje kubabarizwa turongera ducokorerwa i Filipi, ariko Imana iduha gushira ubwoba, tubabwira Ubutumwa Bwiza naho twariko turagwanywa bikomeye.


Ariko Pawulo na Baranaba bagumye muri Antiyokiya, aho bo n’abandi benshi bigishije bongera bavuga Ijambo ry’Umwami Yesu.


nk’uko twazishikirijwe n’abavyiboneye kuva bigitangura, ari na bo bamamaje Ubutumwa Bwiza.


Ariko bamaze kwizera Ubutumwa Bwiza babwiwe na Filipo ku vyerekeye Ubwami bw’Imana n’izina rya Yesu Kristo, abagabo n’abagore benshi barabatizwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite