Na Sawuli ni ho yari ari, kandi yari ashigikiye ko Sitefano yicwa. Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, basanzarira i Yudaya n’i Samariya.
Nibabahama mu gisagara kimwe, muze muhungire mu kindi. Ndababwira ukuri ko mutazoheza kugendagenda mu bisagara vyose vya Isirayeli Umwana w’Umuntu ataraza.