Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:39 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Imana aca ajana Filipo, ya nkone ntiyasubira kumubona, ariko ibandanya urugendo inezerewe cane.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Umwami Imana ajana Filipo, inkone ntiyasubira kumubona, kuko yashishikaye kugenda inezerewe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:39
29 Referans Kwoze  

Akiva mu mazi, abona ijuru ryugurutse, Mpwemu Yera amuzako asa n’inuma.


Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’umubiri, ni twebwe twakebwe vy’ukuri.


Ariko murishima mukishira hejuru. Ukwishima kwanyu ni kubi.


Mwame munezerewe mu mwami, ndabisubiyemwo ubugira kabiri: nimunezerwe.


Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.


Kandi abigishwa bo muri Antiyokiya bari bafise umunezero mwishi, buzuye Mpwemu Yera.


Maze haba umunezero mwinshi muri ico gisagara.


Ubwami bw’ijuru bugereranywa kandi n’ubutunzi buhishijwe mw’itongo. Umuntu umwe yabuserutseko, aca yongera arabuhisha. Hanyuma kubera umunezero mwinshi, aragenda ashora ivyo yari afise vyose, agura iryo tongo.


Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi. Uwo mwanya nyene, ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma.


Nuko abajana iwe, arabagaburira, kandi we n’abo mu nzu yiwe bose buzura umunezero kuko bari bizeye Imana.


Mpwemu w’Imana abwira Filipo ati: “Egera uriya mukogote, uwugendere i ruhande.”


Nuko aca ategeka ko bahagarika umukogote, barururuka baja mu mazi, Filipo aca aramubatiza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite