Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:30 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 Nuko Filipo aranyaruka, agendera i ruhande ya wa mukogote, yumva wa muntu ariko asoma igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya. Aramubaza ati: “Mbega ivyo uriko urasoma urabitahura?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Filipo yirukirayo, yumva asoma muri Yesaya yavugishwa n’Imana; aramubaza, at’ Ivyo usoma urabitahuye?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:30
18 Referans Kwoze  

Mwiga Ivyanditswe n’umwete mwinshi kuko mwibaza ko bishobora kubaha ubugingo budashira. Ivyo Vyanditswe nyene ni vyo binshingira intahe,


Ntimube ibipfu, ariko mutahure ivyo Umwami abashakako ivyo ari vyo.


Yesu aca ahamagara isinzi ry’abantu bari ngaho, arababwira ati: “Nimwumvirize kandi mutahure:


Ariko imbuto zaguye mw’ivu ryiza ni ikigereranyo c’umuntu yumva ijambo ry’Imana akaritahura; uwo ni we aheza akama; bamwe bakama incuro ijana, abandi incuro mirongo itandatu, abandi incuro mirongo itatu z’ivyabibwe.”


Iyo umuntu yumvise ubutumwa bw’Ubwami, hanyuma ntabutahure, wa mubi aca aza akarandura icari cabibwe mu mutima wiwe. Izo ni zo mbuto zabibwe i ruhande y’inzira.


Ariko mu rusengero, mpitamwo kuvuga amajambo yumvikana atanu arimwo inyigisho aho kuvuga amajambo ibihumbi cumi mu ndimi zitamenyekana.


Nimwabona ca ‘kizira gihumanya’ gihagaze aho kidakwiye guhagarara (uwusoma niyiyubare), abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi.


Nimwabona ca ‘kizira gihumanya’ cavugwa n’uwavugishwa n’Imana Daniyeli gihagaritswe ahera (uwusoma yiyubare),


Yesu abaza abigishwa biwe ati: “Mbega ivyo murabitahura?” Na bo bati: “Egome.”


Gutahura ibi bisaba ubwenge. Uwufise ubwenge arashobora gutahura ivy’ico giharuro c’ico gikoko, kuko ni igiharuro gihagarariye izina ry’umuntu. Ico giharuro ni 666.


Nuko afata inzira, akiriko aragenda ahura n’inkone y’Umunyetiyopiya, yari umutware akomeye, ajejwe ubutunzi bwa Kanidake, umwamikazi w’Abanyetiyopiya. Uwo muntu yari yagiye i Yerusalemu gusenga.


Yesu arababwira ati: “Ivyokurya vyanje ni ugukora ivyo uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Nuko Filipo amanuka mu gisagara kimwe c’i Samariya, abwira abantu baho ivya Kristo.


Mpwemu w’Imana abwira Filipo ati: “Egera uriya mukogote, uwugendere i ruhande.”


Na we aramwishura ati: “Nobitahura gute atawubinsiguriye?” Aca asaba Filipo ngo yurire mu mukogote, baricarana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite