Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:28 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

28 Ariko arataha, yicaye mu mukogote wiwe, yagenda arasoma igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Yahindukiye yicaye mu mukogote wiwe ukwegwa n’amafarasi, asoma muri Yesaya yavugishwa n’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:28
19 Referans Kwoze  

Ijambo rya Kristo ribe muri mwebwe rigwiriye, mwigishanye kandi muhanurane mu bwenge bwose, muririmba amazaburi n’indirimbo n’amatazirano y’impwemu mushima Imana mu mitima yanyu.


Nuko hagera ko bataha bagiharira, hanyuma Pawulo ababwira ijambo ryo kubasezera ati: “Mpwemu Yera yavuga ukuri igihe yavuga kuri ba sogokuruza banyu, avugishije Yesaya ati:


Bamuhereza umuzingo w’igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya, arakizingurura, aca ashikira ahanditswe ngo:


Ivyo vyari vyaranditswe mu gitabu c’amajambo y’uwavugishwa n’Imana Yesaya, aho yavuga ati: “Hari ijwi ry’uwusemerera mu bugaragwa ati: ‘Nimutegurire Uhoraho aho aca, mugorore inzira agenderamwo!


Nuko afata inzira, akiriko aragenda ahura n’inkone y’Umunyetiyopiya, yari umutware akomeye, ajejwe ubutunzi bwa Kanidake, umwamikazi w’Abanyetiyopiya. Uwo muntu yari yagiye i Yerusalemu gusenga.


Mpwemu w’Imana abwira Filipo ati: “Egera uriya mukogote, uwugendere i ruhande.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite