Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Nuko afata inzira, akiriko aragenda ahura n’inkone y’Umunyetiyopiya, yari umutware akomeye, ajejwe ubutunzi bwa Kanidake, umwamikazi w’Abanyetiyopiya. Uwo muntu yari yagiye i Yerusalemu gusenga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Ava hasi, aragenda. Haza Umunyetiyopiya, inkone y’ububasha bginshi yakorera Kanidake, umugabekazi w’Abanyetiyopiya, ni yo yazezwa itunga ryiwe ryose, yari yagiye i Yerusalemu gusenga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:27
25 Referans Kwoze  

Mu bantu bari baje i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika gusenga, harimwo Abagiriki.


Ku musi wo guca imanza, umwamikazi w’i Sheba azohaguruka yagirize abantu ba kino gihe kandi abatsindishe, kuko yahagurutse akava ku mpera z’isi aje kwumviriza amajambo y’ubwenge ya Salomo; ariko raba uwuruta Salomo ari hano.


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana igihe yamuhamagara ngo ave mu gihugu ciwe aje mu kindi yari igiye kumuha ngo kibe iciwe. Yavuye mu gihugu ciwe atazi iyo agiye.


Ariko arataha, yicaye mu mukogote wiwe, yagenda arasoma igitabu c’uwavugishwa n’Imana Yesaya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite