Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Nuko niwihane ivyo vyiyumviro bibi, usenge Umwami Imana. Kumbure yoguharira ivyo vyiyumviro bibi biri mu mutima wawe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Nuko wihane ubgo bubi bgawe, usenge Umwami Imana, namba kumbure ivyo wiyumviriye mu mutima wawe wobiharirwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:22
23 Referans Kwoze  

Kuko ijambo ry’Imana ni rizima kandi ryuzuye ubushobozi. Rikarishe kurusha inkota y’ubugi bubiri; ririnjira rigashika aho rigabura umushaha n’impwemu, n’ingingo n’imisokoro. Rishira ahabona ivyipfuzo n’ivyiyumviro vy’umutima w’umuntu.


Canke ntubona ingene Imana igira neza, yihangana kandi idahaniraho? None ivyo nta co bikubwiye? Mbega ntubona ko mu kugira neza kwayo Imana ishaka kugushikana ku kwihana ivyaha vyawe?


Ibihe vy’ubutamenya Imana yaravyihanganiye, ariko ubu ihamagarira abantu aho bari hose kwihana,


Umwami Yesu aramubwira ati: “Haguruka uje kw’Ibarabara Rigororotse, ushitse i muhira kwa Yuda, ubaze umugabo yitwa Sawuli ava i Taruso, kuko ariko arasenga.


Namuhaye umwanya ukwiye ngo yihane ariko ntagomba kuva mu ngeso ziwe z’ubusambanyi.


Petero aramwishura ati: “Amahera yawe aragapfana na we, kuko wibaza ko woshobora kugura ingabire y’Imana amahera.


Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone kuza, bivuye imbere y’Umwami Imana,


Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite