Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Petero aramwishura ati: “Amahera yawe aragapfana na we, kuko wibaza ko woshobora kugura ingabire y’Imana amahera.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Petero aramubgira, at’ Ifeza zawe ziragapfana nawe, kuk’ ugira ngw ingabire y’Imana woyironkesha amahera.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:20
23 Referans Kwoze  

Mukize abarwaye, muzure abapfuye, muhumanure abarwaye imibembe, mwirukane abadayimoni. Ivyo mubiherewe ubuntu, namwe mubitangire ubundi.


Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


Abadandaza bari baratungishijwe no gushora ivyo bidandazwa muri co, bazobirabira kure kubera gutinya imibabaro igishikiye. Bazorira, bagandare,


Inzahabu n’ifeza vyanyu vyaguye ingese kandi ingese zavyo zizobatsindisha kandi zibarye bwa muriro. Mwirundanirije ubutunzi mu misi ya nyuma.


Nuko niwihane ivyo vyiyumviro bibi, usenge Umwami Imana. Kumbure yoguharira ivyo vyiyumviro bibi biri mu mutima wawe.


Abagomba gutunga barageragezwa hanyuma bakagwa mu mitego y’ivyipfuzo vy’ubupfu, bitwara abantu mu guhomba no mu guhona.


None rero nimba Imana yabahaye ingabire nk’iyo yaduhaye, twebwe twizeye Umwami Yesu Kristo, mbega jewe nari iki aho noba intambamyi ku gikorwa c’Imana?”


Abizera bari barakebwe bari bazananye na Petero batangazwa cane n’uko ingabire ya Mpwemu Yera yasutswe no ku Banyamahanga na bo,


Kuko mu mutima ari ho hava ivyiyumviro bibi: ubwicanyi, ubusambanyi, ivy’isoni nke, ubusuma, kubeshera abandi no kuvuga abandi nabi.


(Ingero Yuda yahawe kubera ikibi yakoze yaguzwemwo itongo kandi ni ryo yaguyemwo, akoroka atanguje umutwe, inda yiwe irasaba, amara arasanzara.


azibwira ati: “Nimumpe nanje ubwo bubasha kugira ngo uwo nzorambikako ibiganza azoronke Mpwemu Yera.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite