Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 8:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 kandi abantu bose, abahambaye n’aboroshe, baramutangarira bakavuga bati: “Uwu mugabo ni bwa bushobozi bw’Imana, bita ‘Ubushobozi Buhambaye.’ ”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Bama bamushizek’ umutima bose, uhereye ku boroshe ugashitsa ku bahambaye, bat’ Uyu ni we bga bushobozi bg’Imana bgitwa Ubuhambaye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 8:10
12 Referans Kwoze  

Ku mutwe umwe w’ico gikoko hari igikomere giteye ubwoba, cashobora kucica, ariko ico gikomere gica kirakira. Maze isi yose itangarira cane ico gikoko, iranagikurikira.


Benshi bazokurikira inzira zabo z’ibiteye isoni, bakengere inzira y’ukuri.


Aho rero ni ho tutazosubira kumera nk’inzoya, ngo dukubebwe tujanwa hirya no hino n’imipfunda, twongera tuzungagizwa n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho z’ibinyoma n’amayeri vy’abantu bazimiza.


Muri vyose mwibaza ko muri incabwenge kandi muryoherwa no kwakira imburabwenge.


Ariko ku bahamagawe, baba Abayuda canke Abagiriki, Kristo ni ubushobozi n’ubwenge vy’Imana.


Abantu bari biteze ko aca avyimba canke agapfa ubwo nyene. Ariko barindiriye umwanya muremure bakabona nta co abaye, baca barahindura batangura kuvuga ko Pawulo ari imana.


Ishengero ribonye ivyo Pawulo akoze, bavuga n’amajwi arenga mu Kinyalukawoniya bati: “Imana zadushwayemwo zambaye imibiri y’abantu!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite