Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Nuko ica iha Aburahamu isezerano ryo gukebwa. Aburahamu na we avyara Isaka, amukeba ku musi ugira umunani. Isaka avyara Yakobo aramukeba, Yakobo na we avyara ba sogokuruza cumi na babiri, na we arabakeba.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Maz’ imuha isezerano ryo gukebga. Nukw avyara Isaka, amukeba ku musi ugira umunani: Isaka avyara Yakobo, Yakobo avyara ba sogokuruza bakuru cumi na babiri.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:8
20 Referans Kwoze  

Bene Data, ndashobora kubabwira ntakekeranya ko sogokuruza wacu Dawidi yapfuye agahambwa, kandi n’imva yiwe iracari hano gushika uwu musi.


Mwiyumvire ingene uwu Melekisedeki yari akomeye! Na Aburahamu, sekuruza w’Abisirayeli, yaravyemeje mu kumuha ica cumi c’ivyo yari yanyaze mu rugamba.


Ico ngomba kubabwira aha ni iki? Nuko isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu ritashoboye gukurwaho n’inyuma y’imyaka amajana ane na mirongo itatu igihe Imana yaha Mose ivyagezwe. Imana yari kuba irenze amasezerano.


Bene Data, reka dufatire ku karorero ko mu buzima busanzwe. Iyo umuntu agiriraniye isezerano n’uwundi, nta wushobora kurikuraho canke ngo agire ico aryongeyeko. N’aha ni ko bimeze.


Mbega none ivyo vyabaye ryari? Imana yoba yamwemeye nk’umugororotsi amaze gukebwa canke atarakebwa? Mu vy’ukuri, Imana yamwemeye nk’umugororotsi atarakebwa!


Ariko namwe iyo mwubahiriza icagezwe ca Mose co gukeba abana b’abahungu ku musi w’Isabato, ico na co ni igikorwa. (Ariko ico cagezwe nticazanywe na Mose, catanguriye kuri ba sogokuruza.)


Aburahamu yavyaye Isaka, Isaka yavyaye Yakobo, Yakobo yavyaye Yuda n’abandi bavukana,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite