Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:56 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

56 Aca avuga ati: “Ehe mbonye ijuru ryugurutse, mbona n’Umwana w’Umuntu ahagaze i buryo bw’Imana.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

56 aravuga, at’ Ehe mbonye ijuru rikingurutse, n’Umwana w’umuntu ahagaze i buryo bg’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:56
17 Referans Kwoze  

Maze nca mbona ijuru rirugurutse n’ifarasi yera ihagaze imbere yanje. Uwayigenderako yitwa Mwizigirwa na Munyakuri, kuko aca imanza zibereye kandi akagwana intambara mu buryo bugororotse.


Maze urusengero rw’Imana mw’ijuru ruca ruruguruka, kandi muri rwo habonekamwo isandugu y’isezerano. Nuko haca haba imiravyo, humvikana urwamo n’imituragaro, haba nyamugigima n’imvura y’urubura ikomeye.


Abona ijuru ryugurutse, abona ikintu kimeze nk’igitambara kinini cururutswa hasi gifashwe ku mitwe yaco uko ari ine.


Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi. Uwo mwanya nyene, ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana amanuka kuri we mw’ishusho y’inuma.


Inyuma y’ivyo ndarangamiza, mbona umuryango wuguruye mw’ijuru. Rya jwi nari numvise ubwa mbere rivuga nk’inzamba, rimbwira riti: “Duga uze hano, ndakwereke ibigiye kuba inyuma y’ibi.”


Ivyo biba incuro zitatu, ca gitambara gica gisubira kuduzwa mw’ijuru.


Yongerako ati: “Ndababwire ukuri, muzobona ijuru ryuguruye, abamarayika b’Imana baduga bongera bamanuka ku Mwana w’Umuntu.”


Mu gihe abantu bose bariko barabatizwa, Yesu na we yabatijwe hamwe na bo. Ariko arasenga, ijuru riruguruka,


Akiva mu mazi, abona ijuru ryugurutse, Mpwemu Yera amuzako asa n’inuma.


Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.


Yesu aramwishura ati: “Imbwebwe zirafise imyobo zibamwo n’inyoni zo mu kirere zirafise ivyari, ariko Umwana w’Umuntu ntagira n’aho akika umusaya.”


Ariko avuga uko, baca bazibira amatwi yabo kugira ntibamwuve, bashira urwamo hejuru, baca bamuhundarirako icarimwe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite