Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:35 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

35 Uwu ni Mose nyene bari baranse igihe bavuga bati: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu?’ Imana ubwayo ni yo yamwirungikiye ngo abe umutware n’umucunguzi wabo, biciye ku mumarayika yamwiyeretse ari mu gisaka caka umuriro.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

35 Mose uyo, umwe banka, bati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza? ni we Imana yatumye kuba umukuru n’umucunguzi, abihawe n’ukuboko kw’umumarayika yamubonekereye muri ca gisaka.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:35
32 Referans Kwoze  

Ariko abantu bo mu gihugu ciwe baramwanka, bituma barungika intumwa inyuma yiwe zija kuvuga ziti: ‘Uwo muntu ntidushaka ko aba umwami wacu.’


baririmba indirimbo ya Mose umukozi w’Imana n’iy’Umwagazi w’intama, bavuga bati: “Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaje, Mwami, Imana Mushoboravyose. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri, Mwami w’amahanga.


Nimba ubutumwa Imana yarungikanye abamarayika bwabonetse ari ukuri, kandi ukugarariza kwose n’ukutumvira kwose bikaronka igihano bikwiranye,


Kristo ni we shusho iboneka y’Imana itaboneka, imfura irengeye ivyaremwe vyose,


Mwa ntagondwa mwe, imitima yanyu n’amatwi yanyu ntibirakebwa. Mumeze nka ba sogokuruza banyu: mwama mugarariza Mpwemu Yera.


Haheze imyaka mirongo ine, umumarayika yiyereka Mose mu mbeya z’igisaka cariko kirasha mu bugaragwa hafi y’umusozi Sinayi.


Imana yaramushize hejuru imwicarika i buryo bwayo nk’Umutware n’Umukiza, kugira ngo ahe Abisirayeli ukwihana n’uguharirwa ivyaha vyabo.


Kuko Mose yavuze ati: ‘Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza umuvugishwa ameze nkanje, imukuye muri mwebwe nyene. Muze mumwumvire mu vyo azobabwira vyose.


Nuko rero Abisirayeli nibamenye ukuri badakekeranya ko uwo Yesu, uwo mwebwe mwabamvye, Imana yamugize Umwami na Kristo.”


Barasemerera bati: “Napfe! Napfe! Nabambwe!” Pilato arababaza ati: “Mushaka ko mbamba umwami wanyu?” Abakuru b’abaherezi baramwishura bati: “Nta wundi mwami dufise atari Kayisari.”


Barasemerera bati: “Oya, si we dushaka! Turekurire Baraba!” Uwo Baraba yari umugumutsi.


Ku bijanye n’izuka ry’abapfuye, mbega Nta ho murasoma mu gitabu ca Mose, aho yandika ivy’igisaka caka kitarurumba? Handitswe ko Imana yamubwiye iti: ‘Ndi Imana ya Aburahamu, ya Isaka, n’iya Yakobo.’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite