Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 7:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Mose we yibaza ko benewabo baza gutahura ko Imana yariko iramukoresha mu kubakiza. Ariko Abisirayeli bo ntibabitahura.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Yibgira yukw ab’i wabo botahura kw Imana ibakirisha ukuboko kwiwe: ariko ntibabimenya.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 7:25
20 Referans Kwoze  

Ni co gituma nkora nkaruha cane, nkagwanisha ubushobozi bwiwe bwinshi bukorera muri jewe n’inkomezi.


None rero ko dukorana n’Imana, turabinginga ngo ntimupfishe ubusa ubuntu bw’Imana.


Ariko ndi uwo ndi kubera ubuntu bw’Imana, kandi ubwo buntu ntibwapfuye ubusa. Nakoze cane gusumba izindi ntumwa, ariko ntiyari jewe, bwari ubuntu bw’Imana bwakorera muri jewe.


Yamara rero nta kintu mfise nokwirata kiretse ico Kristo yankoresheje mu majambo no mu bikorwa, kugira ngo nshikane Abanyamahanga ku kwumvira Imana.


Pawulo arabaramutsa, abiganira ido n’ido ry’ivyo Imana yamukoresheje mu Banyamahanga mu gikorwa ciwe.


Inyuma y’ibihari vyinshi, Petero ava hasi, arababwira ati: “Bene Bata, murazi ko mu minsi iheze Imana yantoranije muri mwebwe kugira ngo mbwire Abanyamahanga Ubutumwa Bwiza maze na bo bumve, hanyuma bizere.


I Yerusalemu bakiriwe n’ishengero hamwe n’intumwa ziri kumwe n’abakuru b’ishengero, na bo babiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose.


Bashitse muri Antiyokiya, bakoranya ishengero baryiganira ivyo Imana yabakoresheje vyose, n’ukuntu yugururiye imiryango Abanyamahanga na bo bakizera.


Ariko abigishwa ntibigera batahura ikintu na kimwe muri ivyo ababwiye. Insiguro yavyo yari ihishijwe, bituma badatahura ico ashatse kubabwira.


Ariko bo ntibatahura ico ababwiye. Insiguro y’ayo majambo yari ihishijwe, bituma batayimenya, kandi batinya no kugira ico babimubazako.


Ariko ntibatahura ico ababwiye, kandi batinya no kugira ico babimubazako.


kuko twempi dukorera Imana, namwe muri umurima w’Imana, muri inzu yayo.


Maze asanga Umunyegiputa ariko akubita Umwisirayeli, aca aramutabara, maze amuhora mu kwica uwo Munyegiputa.


Bukeye Mose asanga aho Abisirayeli babiri bariko baragwana, agerageza kubumvikanisha, ababwira ati: ‘Mwa bagabo mwe, ko muri abavukanyi, ni iki gituma mugiriranira nabi?’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite