Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 6:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Ariko abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi ry’abiyita Abagurano bidegemvya, ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Sitefano.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ariko hava hasi abantu bamwe bo mw isinagogi y’Abaliberutino, n’iy’ Abanyakurene n’iy’ Abanyalekisanderiya, n’iy’ Abanyakilikiya, n’iy’ Abanyasiya, baja impāri na Stefano,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 6:9
27 Referans Kwoze  

Wa mukuru w’intara arisomye, aca abaza Pawulo iyo ava. Yumvise ko ava i Kilikiya,


“Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso muri Kilikiya, ariko nakuriye hano i Yerusalemu, nigishwa na Gamaliyeli kwitondera ivyagezwe vya ba sogokuruza mu kuri kwavyo kwose. Nagize ishaka ryinshi ryo kwubaha Imana nk’uko namwe muri hano uwu musi muyubaha.


Aca agendagenda muri Siriya no muri Kilikiya, akomeza amashengero yaho.


Maze babarungikana ikete ryavuga ritya: Twebwe bene So, intumwa n’abakuru b’ishengero, Turabaramukije mwebwe abanyamahanga bizera bo muri Antiyokiya, i Siriya n’i Kilikiya.


Bariko barasohoka igisagara, bahura n’umuntu yitwa Simoni w’i Kurene; abo basoda bamutegeka gutwaza Yesu umusaraba.


Mvuye aho, naciye nja mu ntara za Siriya na Kilikiya.


Imisi indwi y’umugenzo wo kwihumanura igira irangire, Abayuda bamwe bo muri Aziya babona Pawulo mu rusengero. Baca bagumura ikoraniro ryose, baramufata.


Amara imyaka ibiri abikora uko, gushika Abayuda n’Abagiriki bose baba muri Aziya bumvise ijambo ry’Umwami Imana.


Ico gihe Umuyuda yitwa Apolo, yari yavukiye muri Alegizanderiya, ashika muri Efeso. Yari umuntu azi kuvuga neza, kandi yari afise ubumenyi bwinshi mu Vyanditswe Vyera.


Pawulo na bagenziwe baca mu ntara za Furugiya na Galatiya, kuko Mpwemu Yera yari yababujije kuvuga Ijambo ry’Imana muri Aziya.


Ariko imbere y’uko ivyo bishika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje.


Mube maso! Bazobafata babajane imbere y’ubucamanza, kandi bazobakubitira mu masinagogi. Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo mushingire intahe imbere yabo.


Mumenye neza ko bazobashengeza imbere y’ubucamanza kandi ko bazobakubitira mu masinagogi.


None umunyabwenge ari he? Umwigisha w’ivyagezwe ari he? Umunyabihari w’iki gihe ari he? Mbega Imana ntiyafashe ubwenge bw’iyi si ikabuhindura ubujuju?


Kenshi nava mw’isinagogi nja mu yindi nkabakubitisha, nkabategeka gutuka izina rya Yesu. Muri iryo pfuhe nyeneryo kubagwanya, nashitse no mu bisagara vyo mu mahanga kubahamirayo.


Nca ndamwishura nti: ‘Mwami, aba bantu barazi ko naciye mu masinagogi yose ngata mw’ibohero nkongera ngakubitisha abakwizera.


Pawulo arishura ati: “Ndi Umuyuda w’i Taruso muri Kilikiya, umunyagisagara kidasanzwe. Ndakwinginze unyemerere ngire ico mbwira aba bantu.”


None murumva ingene wa mugabo Pawulo yemeje abantu, akazimiza benshi muri Efeso, ndetse no muri Aziya yose. Avuga ko imana zikozwe n’abantu atari imana na mba.


Abayuda babonye ayo masinzi bagira ishari, batangura kuvuga ibinyuranye n’ivyo Pawulo yariko aravuga, banamutuka.


Mw’ishengero ryo muri Antiyokiya hari abavugishwa n’Imana n’abigisha ari bo Baranaba, Simeyoni bita Mwirabure, Lukiyo Umunyakurene, Manayeni yari yakuranye na Herode Antipa, hamwe na Sawuli.


Ariko bamwe muri bo, abava i Kupuro n’i Kurene, baja muri Antiyokiya, batangura kwigisha n’Abagiriki na bo, bababwira Ubutumwa Bwiza bw’Umwami Yesu Kristo.


Ehe ngira ndabarungikire abavugishwa, abanyabwenge hamwe n’abigisha b’ivyagezwe b’ukuri. Bamwe muzobica, abandi mubabambe, abandi mubatonagurire mu masinagogi yanyu, hanyuma mubatoteze bave mu gisagara baja mu kindi.


Ariko ntibashobora guhagarara imbere y’ubwenge bwiwe hamwe n’Impwemu yamuvugisha.


Igihe bansanga mu rusengero, nari mu migirwa y’ukwihumanura. Nta bantu benshi twari kumwe kandi nta muvurungano wari uhari.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite