Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 6:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Sitefano yari umuntu yuzuye ubuntu n’ububasha vy’Imana, yakoreye ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi mu bantu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Stefano yari yuzuye ubuntu bg’Imana n’ubushobozi, yakora mu bantu ibitangaza n’ibimenyetso bikomeye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 6:8
11 Referans Kwoze  

Ariko Sitefano yuzuye Mpwemu Yera, arangamiza mw’ijuru, abona ubwiza b’Imana, abona na Yesu ahagaze i buryo bw’Imana.


Abari aho bose bashima ico ciyumviro, maze batoranya Sitefano, umuntu yari yuzuye ukwizera kandi yari yuzuye Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, Nikanori, Timoni, Parumena, na Nikola Umunyantiyokiya yinjiye mw’idini ry’Abayuda.


Abadiyakoni bazoba bakoze neza imirimo yabo bazohabwa icubahiro, bazogira ugushira amanga mu kwizera bafise muri Kristo Yesu.


Abari bicaye mu nama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko bose bamwihweje, babona mu maso hiwe hasa n’ah’umumarayika.


Ariko ntibashobora guhagarara imbere y’ubwenge bwiwe hamwe n’Impwemu yamuvugisha.


Maze abantu isinzi bumvise amajambo ya Filipo, bakabona n’ibitangaza akora, baca bashira umutima ku nyigisho ziwe.


Bene Data, nimutoranye abantu indwi muri mwebwe, mushingira intahe ko buzuye Mpwemu Yera n’ubwenge, tubazeze ico gikorwa,


Nuko rero Kristo ni we yatanze ingabire mw’ishengero, bamwe abaha kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa, abandi kuba abavugabutumwa, abandi kuba abungere n’abigisha,


Yesu aramubwira ati: “Mbega ntimushobora kwizera mutabonye ibimenyetso n’ibitangaza?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite