Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 6:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Abari bicaye mu nama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko bose bamwihweje, babona mu maso hiwe hasa n’ah’umumarayika.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Abicaye mw ikombe bose bamuhanze amaso babona mu maso hiwe, hasa n’ah’ umumarayika.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 6:15
9 Referans Kwoze  

Ariko abagororotsi bazokwakaka nk’izuba mu Bwami bwa Se wo mw’ijuru. Uwufise amatwi yo kwumva niyumve.


Bari ngaho, akayanganira imbere yabo, mu maso hiwe hakaka nk’izuba, impuzu ziwe zica ibibatsi kandi zera derere kurya kw’umuco.


Natwe abakuweko ico gitambara, tugaragaza ubwiza bw’Umwami wacu, kandi tukaba turiko turahindurwa ngo duse na we, tuva mu bwiza tuja mu bundi, na bwo bukaba buva ku Mwami wacu, na we akaba ari we Mpwemu.


ariko jeho ndababwira ko umuntu wese ashavurira mwenewabo aba akwiye gucirwa urubanza kandi uwubwiye umuvukanyi ngo: Wa mburabwenge we, aba akwiye guhanwa n’abacamanza. Kandi uwubwiye umuntu ngo: Wa musazi we aba akwiye gutererwa mu muriro wa Gehinomu.


Yesu yongera kurambika ibiganza ku maso ya wa muntu, maze amaso yiwe aca urahumuka. Aca arakira rwose, abona neza.


Nuko umuherezi mukuru aramubaza ati: “Ivyo bakwagiriza ni vyo?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite