Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 6:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Maze baca bagumura abantu bose, harimwo n’abashingantahe b’ubwo bwoko n’abigisha b’ivyagezwe, bafata Sitefano, bamutwara imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Bosha abantu n’abakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe baramugīra, baramufata, bamujana mw ikombe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 6:12
15 Referans Kwoze  

Ariko Abayuda banse kwizera bagumura abandi Banyamahanga babatera kwanka abizera.


Abaje gufata Yesu bamujana mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa, ahari hakoraniye abigisha b’ivyagezwe hamwe n’abakuru b’Abayuda.


Imisi indwi y’umugenzo wo kwihumanura igira irangire, Abayuda bamwe bo muri Aziya babona Pawulo mu rusengero. Baca bagumura ikoraniro ryose, baramufata.


Maze Abayuda b’i Tesalonike bumvise ko Pawulo ariko yigisha ijambo ry’Imana i Beroya, baca bajayo, bosha abantu gutera imigumuko.


Ariko Abayuda bosha abagore b’icubahiro bubaha Imana, hamwe n’abagabo baganza igisagara, batangura guhama Pawulo na Baranaba, babirukana muri iyo ntara.


Babashikanye, babashira imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko, maze umuherezi mukuru atangura kubasambisha.


Nuko bafata intumwa bazishira mw’ibohero.


ariko jeho ndababwira ko umuntu wese ashavurira mwenewabo aba akwiye gucirwa urubanza kandi uwubwiye umuvukanyi ngo: Wa mburabwenge we, aba akwiye guhanwa n’abacamanza. Kandi uwubwiye umuntu ngo: Wa musazi we aba akwiye gutererwa mu muriro wa Gehinomu.


Igihe Galiyo yatwarira Kayisari muri Akaya, Abayuda bahuje umutima n’inama kugwanya Pawulo, bamutwara ku bacamanza


Umusi umwe Yesu yariko arigisha abantu mu rusengero, ababwira Ubutumwa Bwiza. Maze abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’Abayuda baza aho ari.


Ni ko guca baha ingero abantu mu mpisho ngo baje kumudodobereza bati: “Twumvise Sitefano atuka Mose, yongera atuka n’Imana.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite