Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:40 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Nuko bemera impanuro ziwe, bahamagaza za ntumwa, barazikubitisha, bazitegeka kudasubira kwigisha muri iryo zina rya Yesu, baca barabarekura barataha.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Baramwemerera, maze bahamagaje intumwa, barazitonagura, barazīhanikiriza ngo ntizize zigishe mw izina rya Yesu, maze barazirekura.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:40
13 Referans Kwoze  

Mumenye neza ko bazobashengeza imbere y’ubucamanza kandi ko bazobakubitira mu masinagogi.


Nakubiswe n’Abayuda incuro zitanu ibimoko mirongo ine ukuyemwo kimwe,


Arababwira ati: “Twari twabihanikirije kutigisha muri iryo zina. Ariko mwakwiragije inyigisho zanyu i Yerusalemu hose, kandi mwamaramaje kutwegekako amaraso y’uwo muntu.”


Mube maso! Bazobafata babajane imbere y’ubucamanza, kandi bazobakubitira mu masinagogi. Muzohagarara imbere y’abatware n’abami muzira kuba abigishwa banje, kugira ngo mushingire intahe imbere yabo.


Iyimbura rigeze, atuma umukozi wiwe kuri ba barimyi kugira ngo bamuhe igice c’umwimbu w’inzabibu kimwegukira. Ariko ba barimyi bafata uwo mukozi baramukubita, bamurungika iminwe misa.


Ehe ngira ndabarungikire abavugishwa, abanyabwenge hamwe n’abigisha b’ivyagezwe b’ukuri. Bamwe muzobica, abandi mubabambe, abandi mubatonagurire mu masinagogi yanyu, hanyuma mubatoteze bave mu gisagara baja mu kindi.


hanyuma bamushikirize Abanyamahanga kugira bo bamushinyagurire, bamushishagure, hanyuma bamubambe ku musaraba. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite