Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Ariko hari Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, yari umwigisha w’ivyagezwe, kandi yubahwa cane n’abantu bose. Arahaguruka, asaba ko bataramura gato izo ntumwa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Maze hahaguruka umwe mw ikombe, w’Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, umwigisha w’ivyagezwe, yubahwa n’abantu bose, avuga ko bataramura abo bantu akanya gato.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:34
14 Referans Kwoze  

“Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso muri Kilikiya, ariko nakuriye hano i Yerusalemu, nigishwa na Gamaliyeli kwitondera ivyagezwe vya ba sogokuruza mu kuri kwavyo kwose. Nagize ishaka ryinshi ryo kwubaha Imana nk’uko namwe muri hano uwu musi muyubaha.


Haheze imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaranye n’abigisha b’ivyagezwe, abumviriza yongera ababaza ibibazo.


Umusi umwe Yesu yariko arigisha, kandi bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bari ngaho; bari baje bava mu bisagara bitandukanye vy’i Galilaya, i Yudaya n’i Yerusalemu; kandi ububasha bw’Umwami Imana bwo gukiza ingwara bwari kuri Yesu.


Nuko barabataramura, batangura kuvugana hagati yabo.


Yesu aramwishura ati: “Wewe ko uri umwigisha yubashwe muri Isirayeli, bigenda gute ngo ntutahure ibi?


Bukeye binjira mu rusengero nk’uko babariwe, batangura kwigisha. Umuherezi mukuru n’abo bari bafatanije bashitse, baca bakoranya inama nkuru y’abarongoye ubwoko bw’Abisirayeli, baca barungika abarinzi b’urusengero kw’ibohero kuzana za ntumwa.


Babashikanye, babashira imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko, maze umuherezi mukuru atangura kubasambisha.


Aca ababwira ati: “Bagabo b’Isirayeli, mwiyumvire neza ku vyo mugomba kugirira aba bantu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite