Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:26 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Wa mukuru w’abarinzi b’urusengero aca ajana n’abarinzi bari kumwe, baja kuzana za ntumwa. Ariko babazana ku neza badakoresheje inguvu, kuko batinya ko abantu bobatera amabuye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Maz’ uwo mukuru w’abashibamyi ajana n’abagendanyi, babazana ku neza, kuko bātinya abantu, ngo ntibabatere amabuye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:26
13 Referans Kwoze  

Nta n’umwe yubahuka kwifatanya na bo, n’aho abantu babemera cane.


Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye.


Umukuru w’abarinzi b’urusengero n’abakuru b’abaherezi bavyumvise barazazanirwa cane bibaza ibishobora gukurikira.


abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe barondera akaryo ko kwica Yesu, ariko batinya abantu.


Abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’abaherezi barondera ingene bomufata ubwo nyene, kuko bari batahuye ko ari bo ariko aravuga muri uwo mugani, ariko batinya abantu.


Nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ abantu bose baradutera amabuye kuko baremera ata gukekeranya ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”


Barasezerana bati: “Ariko ntidukwiye kumufata mu misi mikuru kuko abantu bohava bagumuka.”


Kandi nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ dukwiye guca twirinda abantu, kuko bose baremera ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”


Herode na we yama agomba kwica Yohana ariko agatinya abantu, kuko kuri bo Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.


Ariko Petero aguma inyuma yiwe, amukurikira agendera kure, kugeza ashitse mu rugo rw’umuherezi mukuru. Ashitse yicarana n’abarinzi b’urugo arindira kuraba ingene bija kurangira.


na we aca aja kwumvikana n’abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’abarinzi b’urusengero ingene yobashikiriza Yesu.


Ariko ba barinzi b’urusengero bashitse kw’ibohero, ntibabasangayo, baca basubira inyuma gutanga inkuru,


Ubwo nyene haca haza umuntu, ababwira ati: “Ba bagabo mwashira mw’ibohero bahagaze mu rusengero bariko barigisha abantu.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite