Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Umukuru w’abarinzi b’urusengero n’abakuru b’abaherezi bavyumvise barazazanirwa cane bibaza ibishobora gukurikira.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Bumvise ayo majambo umukuru w’abashibamyi b’urusengero n’abaherezi bakuru bazazanirwa n’ivyabo, ikizovamwo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:24
17 Referans Kwoze  

Wa mukuru w’abarinzi b’urusengero aca ajana n’abarinzi bari kumwe, baja kuzana za ntumwa. Ariko babazana ku neza badakoresheje inguvu, kuko batinya ko abantu bobatera amabuye.


Abaherezi bari kumwe n’umukuru w’abarinzi b’urusengero hamwe n’Abasadukayo baca baraza aho Petero na Yohana bariko barigishiziza.


Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye.


Nuko bose barumirwa bongera barazazanirwa, babazanya bati: “Mbega ibi ni iki?”


Nuko Abafarisayo baravugana bati: “Murabona ko ata co turiko turashikako. Isi yose iriko iramukurikira!”


Yesu aca abwira abaherezi bakuru, abarinzi b’urusengero n’abatware bari baje kumufata, ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri?


na we aca aja kwumvikana n’abakuru b’abaherezi hamwe n’abakuru b’abarinzi b’urusengero ingene yobashikiriza Yesu.


bavuga bati: “Twasanze ibohero ryugaye neza, n’abarinzi bahagaze ku miryango, ariko twuguruye twasanze ata n’umwe ariyo.”


Ubwo nyene haca haza umuntu, ababwira ati: “Ba bagabo mwashira mw’ibohero bahagaze mu rusengero bariko barigisha abantu.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite