Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 5:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ariko abantu benshi, abagabo n’abagore barizera Umwami, igitigiri cabo cama congerekana.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 bārushiriza kwongerwakw abizeye Umwami Yesu, ishengero ryinshi ry’abagabo n’abagore;

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 5:14
24 Referans Kwoze  

Bama bashima Imana ibihe vyose kandi na bo bashimwa n’abantu bose, maze Umwami Imana na we akama abongerereza igitigiri c’abakizwa.


Nta Muyuda canke Umugiriki, nta mugurano canke uwidegemvya, nta mugore canke umugabo, mwese muri umwe muri Kristo Yesu.


Nahama abakurikira inzira y’Umwami Yesu gushika naho bamwe bapfa, ngafata abagore n’abagabo nkabata mw’ibohero.


Maze iyo nkuru ica yamamara i Yopa hose, kandi abantu benshi bizera Umwami Yesu.


Ababa i Luda n’i Sharoni bose bamubonye agendagenda, barihana bizera Umwami Yesu.


Mu nyuma ishengero ry’i Yudaya, i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirakomera, rigendera mu kwubaha Umwami Imana, ryongera riragwira ryiruwe na Mpwemu Yera.


amusaba amakete atwara mu masinagogi y’i Damasiko, kugira ngo nihagira uwo basanga akurikira inzira y’Umwami Yesu, baba abagabo canke abagore, ace abatwara nk’imbohe i Yerusalemu.


Ariko bamaze kwizera Ubutumwa Bwiza babwiwe na Filipo ku vyerekeye Ubwami bw’Imana n’izina rya Yesu Kristo, abagabo n’abagore benshi barabatizwa.


Ariko Sawuli we agerageza gusambura ishengero; yinjira mu nzu ku yindi agafata abagabo n’abagore bizera, akabata mw’ibohero.


Nuko ijambo ry’Imana ribandanya kwamamara, igitigiri c’abigishwa i Yerusalemu kiragwira cane, kandi n’abaherezi benshi b’Abayuda barizera.


Ariko benshi mu bumvise ubutumwa barizeye, igitigiri c’abizera kirongerekana gushika hafi ibihumbi bitanu.


Nuko abizeye ayo majambo ya Petero barabatizwa, abashika ibihumbi bitatu biyongera ku gitigiri c’abizera.


Kubera ko Barunaba yari umugwaneza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera, igitigiri kinini c’abantu barizeye Umwami Yesu.


Mbe Kristo na Beliyali hari ico bahurirako? Mbega uwizera n’uwutizera bohurira ku ki?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite