Mwibuke ko Data wo mw’ijuru, uwo musenga, adaca urwa nkunzi, hanyuma bitume mubaho muyitinya kandi muyubaha mu gihe musigaje kuba kuri ino si mubako nk’ingenzi.
Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaka ubwato bunini kugira ngo akize umuryango wiwe umwuzure. Yumviye Imana yamugabishije ku bintu bitari bwigere biba. Uko ni ko yaciriye isi urubanza, kandi kubera ukwizera kwiwe, Imana na yo yaremeje ko yari umugororotsi.