Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nuko barengutsa Petero na Yohana, batangura kubabazagiza bati: “Ni mu buhe bushobozi, canke mw’izina rya nde mwakoze ivyo?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Babashize hagati, barababaza, bati N’ubushobozi ki, canke n’izina ki, vyabateye gukora ivyo?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:7
12 Referans Kwoze  

Yesu aca asubira mu rusengero hanyuma atangura kwigisha, abakuru b’abaherezi n’abakuru b’Abayuda baza aho ari baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”


baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”


Nuko bemera impanuro ziwe, bahamagaza za ntumwa, barazikubitisha, bazitegeka kudasubira kwigisha muri iryo zina rya Yesu, baca barabarekura barataha.


Abayuda baramubaza bati: “Ni ikihe gitangaza wokora cotwereka ububasha ufise bwo gukora ibi?”


Nuko rero nimumenye neza ibi, mwebwe hamwe n’ubwoko bwose bwa Isirayeli: uwu muntu ahagaze imbere yanyu yakize mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, uwo mwabamvye, ariko Imana ikamuzura mu bapfuye.


Bavyumvise, baca batangura gusohoka umwe umwe uhereye ku bakuze, kugeza aho Yesu asigarana na wa mugore ahagaze imbere yiwe.


Abigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo bazana umugore bafashe ariko arasambana, bamuhagarika imbere y’abari aho bose.


Anasi umuherezi mukuru ni ho yari ari, ari kumwe na Kayafa, na Yohana, na Alegizandere hamwe n’abandi benshi bo mu muryango w’abaherezi bakuru.


Maze Petero, yuzuye Mpwemu Yera, aravuga ati: “Batware nanwe bashingatahe b’ubu bwoko,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite