Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Bukeye, abatware, abashingantahe n’abigisha b’ivyagezwe bakoranira i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Bukeye bg’aho, abashingantahe babo bo n’abakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe bakoranira i Yerusalemu,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:5
12 Referans Kwoze  

Maze Petero, yuzuye Mpwemu Yera, aravuga ati: “Batware nanwe bashingatahe b’ubu bwoko,


Maze baca bagumura abantu bose, harimwo n’abashingantahe b’ubwo bwoko n’abigisha b’ivyagezwe, bafata Sitefano, bamutwara imbere y’inama nkuru y’abarongoye ubwo bwoko.


Ariko hari Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, yari umwigisha w’ivyagezwe, kandi yubahwa cane n’abantu bose. Arahaguruka, asaba ko bataramura gato izo ntumwa.


Abakuru b’abaherezi n’abatware bacu baramutanze ngo acirwe urubanza rwo gupfa, maze baramubamba,


Pilato aca akoranya abakuru b’abaherezi, abatware n’abari aho bose,


Bukeye, inama nkuru y’abatwara ubwo bwoko irakorana, irimwo abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe, maze Yesu ajanwa imbere yabo.


Umusi umwe Yesu yariko arigisha abantu mu rusengero, ababwira Ubutumwa Bwiza. Maze abakuru b’abaherezi, abigisha b’ivyagezwe n’abakuru b’Abayuda baza aho ari.


Kare mu gitondo, abakuru b’abaherezi hamwe n’abatware, n’abigisha b’ivyagezwe, ari bo bari bagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda barakorana, bagira inama. Nuko baboha Yesu, bamujana kwa Pilato.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite