Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 None rero Mwami Imana, nurabe ingene badutera ubwoba, maze ushoboze abasavyi bawe kwigisha ijambo ryawe bashize amanga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Kandi none, Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose:

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:29
27 Referans Kwoze  

Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.


Ariko Pawulo na Barunaba bahamara igihe kitari gito, bavugira Umwami Yesu bashize amanga, na we agashingira intahe Ubutumwa bw’Ubuntu bavuga, mu kubakoresha ibitangaza n’utwumiza.


Kandi, bivuye ku kubohwa kwanje, bene Data ba hano barashize amanga mu Mwami, bituma bashobora kuvuga Ijambo ry’Imana bashize ubwoba.


Bahejeje gusenga, aho bari bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, baca bigisha ijambo ry’Imana bashize amanga.


Ariko Umwami Imana yabaye ku ruhande rwanje, ampa inkomezi, kugira ngo mvuge Ubutumwa Bwiza bwuzuye, Abanyamahanga bose babwumve. Umwami Imana yankuye mu menyo y’intambwe.


Yama yigisha ivy’Ubwami bw’Imana n’ivya Yesu Kristo, ashize amanga rwose kandi ata ntambamyi.


Pawulo aca yinjira mw’isinagogi, amara amezi atatu yigisha ashize amanga, aharira n’abantu akabemeza ivy’Ubwami bw’Imana.


Pawulo na Baranaba baca barabishura ata bwoba bati: “Ni mwebwe mwari mukwiye kwumva ijambo ry’Imana ubwa mbere. Ariko ko muryanse, mukabona ko mutabereye ubugingo budashira, duhindukiriye Abanyamahanga.


Ariko Baranaba aramufata amujana ku ntumwa, abasigurira ingene Sawuli yahuye n’Umwami Yesu ari mu nzira aja i Damasiko akavugana na we, n’ingene i Damasiko yigishije mw’izina rya Yesu ata bwoba.


Nk’uko mubizi, twari twabanje kubabarizwa turongera ducokorerwa i Filipi, ariko Imana iduha gushira ubwoba, tubabwira Ubutumwa Bwiza naho twariko turagwanywa bikomeye.


Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye.


Ibi umwami asanzwe abizi. Ibi ndiko ndabivuga nshize ubwoba kuko ndazi ko na we nyene abizi, kuko ntivyakorewe mu kinyegero.


Maze Sawuli aca agumana n’intumwa i Yerusalemu yidegemvya, yigisha ashize amanga mw’izina rya Yesu.


Ko dufise ivyo vyizigiro, dufise ugushira amanga.


Ni co gituma nimba hari uwuvuga mu ndimi zitamenyekana yari akwiye gusenga Imana ngo imushoboze gusobanura ivyo avuga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite