Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Ni ivy’ukuri Herode na Pontiyo Pilato bifatanije n’Abanyamahanga hamwe n’ubwoko bwa Isirayeli bwo muri iki gisagara, kugira ngo bagwanye umusavyi wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Kandi vy’ukuri mur’ iki gisagara, Herode, bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:27
53 Referans Kwoze  

Baca baramufata, baramuboha, bamujana kwa Pilato, umutware w’Umuroma.


Gorora ukuboko kwawe maze ukize, ukore ibitangaza n’utwumiza mw’izina ry’umusavyi wawe yera Yesu.”


Aca ababwira ati: “Umwana w’Umuntu ategerezwa kubabazwa mu buryo bwinshi, akankwa n’abatware, n’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe. Kandi azokwicwa hanyuma azuke ku musi ugira gatatu.”


Uwo ni we Muherezi Mukuru twari dukwiye kuronka kuko ni uwera, ntagira agasembwa kandi ntiyandujwe n’icaha. Yatandukanijwe n’abanyavyaha, maze Imana imushira mu kibanza co mw’ijuru kirusha ibindi icubahiro.


ingene Imana yarobanuje Yesu w’i Nazareti Mpwemu Yera n’ubushobozi, n’ukuntu yagendagenda hose agira neza, akiza n’abari mu gacinyizo ka wa mubi, kuko Imana yari kumwe na we.


kuko utazorekera umushaha wanje mu kibanza c’abapfuye, canke ngo uze ureke uwera wawe ngo abore.


Umwe mu basoda acumita Yesu icumu mu rubavu, haseseka amaraso n’amazi.


Urubanza rwa Yesu imbere ya Kayafa rwaheze kare mu gitondo. Mu nyuma baciye bamujana ku kirimba c’uwaserukira ubwami bw’Abaroma. Ariko abakuru b’Abayuda ntibinjiye kuko banka kwihumanya kugira ngo bashobore guhimbaza umusi mukuru wa Pasika.


none vyocura iki ku wo Data yatoranije nk’uwiwe bwite hanyuma akamurungika kw’isi? Ni kuki munyagiriza ko ntutse Imana, mvuze nti: ‘Ndi Umwana w’Imana’?


Yaje mu biwe, ariko abiwe ntibamwakira.


Maze abagabo bari bamurinze batangura kumucokora no kumukubita.


“Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, kuko yansize amavuta ngo mbwire aboro Ubutumwa Bwiza. Yantumye kurekura imbohe ngo zidegemvye, guhumura amaso y’impumyi, kurekura abacinyijwe ngo bidegemvye,


Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ububasha bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana azovuka azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.


N’abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe na bo bakamucokora, bavuga bati: “Yakijije abandi, ariko we ntashobora kwikiza!


Arababwira ati: “Ehe tuduze i Yerusalemu, aho Umwana w’Umuntu azotangwa agahabwa abakuru b’abaherezi n’abigisha b’ivyagezwe. Bazomucira urubanza rwo gupfa hanyuma bamushikirize Abanyamahanga,


Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegeranya uduswi twayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira!


Mbega ibi muvyibazako iki? Habaye umuntu yari afise abahungu babiri, hanyuma abwira umwe ati: ‘Mwana wanje, uno musi genda ukore mu murima w’uruzabibu.’


Muri ico gihe, Herode Antipa yumva amakuru ya Yesu;


Kuko Herode Antipa yari yarafashe Yohana, aramuboha, amuta mw’ibohero. Ivyo yabikoze abitumwe na Herodiya uwo yari yararongoye, kandi yari asanzwe ari muka Filipo, uwo bavukana.


Ku musi mukuru wo kwibuka ivuka rya Herode, umukobwa wa Herodiya araza atambira abatumire, maze ivyo binezereza Herode cane,


Nuko abari mu nama bose bavira hasi rimwe bamujana kwa Pilato,


Nuko Pilato arasohoka aja aho bari, arababaza ati: “Uwu muntu mumwagiriza iki?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite