Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Uwo muntu yari yakize mu buryo bw’igitangaza yari afise imyaka irenga mirongo ine.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Kuk’ uwo muntu yar’ arengeje imyaka mirongwine avutse, uwakozwekw ico kimenyetso co kumukiza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:22
8 Referans Kwoze  

Maze ahasanga umugabo yitwa Ayineya, yari amaze imyaka umunani avundiye ku kirago kuko yari yarakongataye.


Umwe muri bo, yari amaze imyaka mirongo itatu n’umunani arwaye.


Hari umuntu yaremaye kuva akivuka yama azanwa imisi yose kw’irembo ryitwa Irembo Ryiza kugira ngo asege abaje mu rusengero.


Yesu ariko ararengana, abona umuntu yavutse ari impumyi.


Aho hari umugore yari amaze imyaka cumi n’umunani amugajwe n’impwemu mbi. Yari yarahetamye umugongo, ntiyashobora kugororoka.


Umugore yari amaranye imyaka cumi n’ibiri ingwara yo mu gitereko yo kuva amaraso, yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe.


Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye.


Petero na Yohana bamaze kurekurwa baca basubira aho bagenzi babo bari, babiganira ivyo abakuru b’abaherezi n’abashingantahe bababwiye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite