Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Maze bararaka cane kuko izo ntumwa zariko zigisha abantu ko muri Yesu hari ukuzuka kw’abapfuye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 bababajwe cane n’uko bigisha abantu, bababarira yuk’ ukuzuka kw’abapfuye kwabonetse kuri Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:2
18 Referans Kwoze  

Maze umugwi w’abanyabwenge bitwa Abepikureyo n’Abasitoyiko, batangura guharira na we. Bamwe barabaza bati: “Mbega ivyo ariko aradedemba ni ibiki?” Abandi bakavuga bati: “Umenga ariko avuga ivy’imana z’inyamahanga.” Ivyo babivuze kuko Pawulo yariko ababwira Ubutumwa Bwiza bwa Yesu n’izuka.


Nimba Mpwemu w’Imana yazuye Kristo mu bapfuye aba muri mwebwe, nta kabuza ko Imana izoha imibiri yanyu ipfa ubugingo, biciye muri Mpwemu wayo aba muri mwebwe.


Abayuda babonye ayo masinzi bagira ishari, batangura kuvuga ibinyuranye n’ivyo Pawulo yariko aravuga, banamutuka.


Ariko hazoba urukurikirane mu kuzuka: Kristo yarazutse nk’ivyeze ubwa mbere; hanyuma abamukurikiye bose bazozuka niyagaruka.


ko Kristo akwiye kubabazwa, akaba impfura mu kuzuka mu bapfuye, maze akamamaza umuco mu bwoko bwiwe no mu Banyamahanga.”


Mbega ni kuki muri mwebwe hari abibaza ko bidashoboka ko Imana izura abapfuye?


uretse iki kimwe nasemereye mpagaze imbere yabo mvuga nti: ‘Aha ndiko ncirwa urubanza kuko nizera ko hariho ukuzuka kw’abapfuye.’ ”


Muri iyo misi nyene haduka imigumuko ivuye ku bijanye n’Inzira y’Umwami Imana.


Maze umuherezi mukuru n’abo bari bafadikanije, bari mu muce b’Abasadukayo, babagirira ishari.


Mwishe uwutanga ubugingo, ariko Imana yaramuzuye mu bapfuye, natwe turi ivyabona vyo kubishingira intahe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite