Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 4:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Ariko kubera babona uwo muntu yakize ahagararanye na bo, nta co bari bafise bashobora gusubizayo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 kandi babonye uwo muntu yakijijwe ahagararanye na bo, babura ico bavuga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 4:14
7 Referans Kwoze  

None rero, ko ivyo atawubihakana, Nimutekane, ntimuhave mukora ivyo mutiyumviriyeko.


Nuko babanza kubatera ubwoba cane, hanyuma barabarekura barataha. Ntibaronse ingene bari bubahane kubera abari aho bose bariko bashima Imana ku vyari vyabaye.


Barabazanya bati: “Mbega aba bantu tubagire dute? Abantu bose baba i Yerusalemu barazi ko bakoze igitangaza c’akataraboneka, kandi natwe ntitwobiharira.


Nuko rero nimumenye neza ibi, mwebwe hamwe n’ubwoko bwose bwa Isirayeli: uwu muntu ahagaze imbere yanyu yakize mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, uwo mwabamvye, ariko Imana ikamuzura mu bapfuye.


Babonye ubushizi bw’amanga bwari muri Petero na Yohana, bakamenya ko batize, ahubwo ko ari abantu batobato, baratangara cane, ariko bamenya ko bagendanye na Yesu.


Nuko barabataramura, batangura kuvugana hagati yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite