Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Maze Petero na Yohana barahindukira baramuraba, hanyuma Petero amubwira ati: “Nuturabe!”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Petero amuhanga amaso, bo na Yohana, aramubarira, ati N’uturābe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:4
11 Referans Kwoze  

Yesu aramubwira ati: “Sinakubwiye ko niwizera uja kubona ubwiza bw’Imana?”


Petero abibonye, arababwira ati: “Yemwe Bisirayeli, ni kubera iki ibi bibatangaje? Ni kubera iki muturaba nk’aho umenga ni ubushobozi bwacu canke ukwubaha Imana kwacu kwatumye uwu muntu atambuka?


Ahejeje gusoma, aca azinga wa muzingo w’igitabu, agisubiza uwujejwe kukibika, aca aricara. Abari mw’isinagogi bose bamuhanga amaso cane,


Yesu amubonye aryamye aho, akamenya n’uko amaze igihe kirekire arwaye, aramubaza ati: “Urashaka gukira?”


Nihweje muri co, mbona ibikoko bigendera ku maguru ane, inyamaswa zo mw’ishamba, ibikwega inda hasi hamwe n’ibiguruka mu kirere.


Umusi umwe Petero na Yohana bari baduze mu rusengero gusenga, hari kw’isaha y’icenda.


Abonye Petero na Yohana bagira binjire mu rusengero, arabasega.


Wa mugabo na we abahanga amaso cane yiteze ko hari ico bagira bamuhe.


Kubera ko wa muntu yaguma yumiye kuri Petero na Yohana, abantu bose biruka iyo bari, barundana mw’ibaraza ryitwa Ibaraza rya Salomo, batangaye cane.


Koruneliyo na we amuhanga amaso yuzuye ubwoba, aramubaza ati: “Ni iki ga Mwami?” Wa mumarayika aramwishura ati: “Amasengesho yawe n’ibikorwa vyawe vy’imbazi vyaduze biba nkishikanwa ry’icibutso imbere y’Imana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite