Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Kukaba nka ko, n’abandi bavugishwa bose uhereye kuri Samweli, baravugishijwe ku biriko biraba uno musi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Mber’ abāvugishwa n’Imana bose, uhereye kuri Samweli n’abāmukurikiye, abāvuze bose bāramenyekanishije ivy’ iyi misi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:24
12 Referans Kwoze  

Uwo akwiye kuja mw’ijuru kurindirirayo igihe ivy’Imana yavugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bera vyose bishitse.


Nuko ahera ku vyanditswe na Mose n’abavugishwa bose, abasigurira ico Ivyanditswe bimuvugako.


Ariko noneho, Imana yaraduhishuriye ingene dushobora kuronka ukugororoka kwayo tutisunze ivyagezwe, nk’uko Mose n’abavugishwa n’Imana babishingiye intahe mu gihe ca kera.


Ivyo vyose vyabaye nko mu kiringo c’imyaka amajana ane na mirongo itanu. Inyuma yivyo Imana yabahaye abacamanza gushika mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Samweli.


Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone kuza, bivuye imbere y’Umwami Imana,


abasigurira yongera abereka ko Kristo yategerezwa kubabazwa no kuzuka mu bapfuye. Akababwira ati: “Uwu Yesu ndiko ndababwira, ni we Kristo.”


ko Kristo akwiye kubabazwa, akaba impfura mu kuzuka mu bapfuye, maze akamamaza umuco mu bwoko bwiwe no mu Banyamahanga.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite