Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Uwo akwiye kuja mw’ijuru kurindirirayo igihe ivy’Imana yavugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bera vyose bishitse.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Arikw ijuru rikwiye kumwākīra, gushitsa ku bihe vyo gusubira guhindura ibintu vyose bisha, nk’ukw Imana yavuze mu kanwa k’abera bayo yavugisha bose, uhereye ubga mbere na mbere.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:21
16 Referans Kwoze  

ko na vyo nyene bizobohorwa bikava mu buja bwo kubora, bigahabwa ku bwiza n’umwidegemvyo vy’abana b’Imana.


Barababaza bati: “Yemwe Bagabo b’i Galilaya, ni kuki muhagaze ngaha muraba mw’ijuru? Uwu Yesu akuwe muri mwebwe akajanwa mw’ijuru, azogaruka uko mubonye agiye.”


Wa mumarayika arambarira ati: “Aya majambo ni ay’ukwizerwa kandi ni ay’ukuri. Umwami, Imana iganza impwemu z’abavugishwa, yarungitse umumarayika wayo kwereka abasavyi bayo ibigiye kuzoshika.”


(nk’uko yabisezeranye kera ikoresheje abavugishwa bayo bera),


Ndagomba kubibutsa amajambo yavuzwe kera n’abavugishwa n’Imana bera hamwe n’ibwirizwa ry’Umwami wacu n’Umukiza yabashikirije acishije mu ntumwa zabatumweko.


Kuko ukuvugishwa kutava mu gushaka kw’umuntu, ariko abantu bavuga ibivuye ku Mana nk’uko bari barongowe na Mpwemu Yera.


Abavugishwa n’Imana bose baramushingira intahe ko uwumwizeye wese azoharirwa ivyaha mw’izina ryiwe.”


Nimubinezerererwe, yemwe mwa majuru! Nimunezerwe, yemwe bwoko bw’Imana! Nimunezerwe, yemwe ntumwa n’abavugishwa! Imana yagiciriye urubanza ruhwanye n’ivyo cabakoreye.”


Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone kuza, bivuye imbere y’Umwami Imana,


kugira yongere ibarungikire Kristo yabashiriweho, ari we Yesu.


Kera Imana yavuganye na ba sogokuruza kenshi kandi mu buryo bwinshi iciye ku bavugishwa na yo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite