Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:19 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Nuko rero nimwihane, muhindukire, kugira ngo ivyaha vyanyu bihanagurwe, ngo ibihe vy’impemburo bibone kuza, bivuye imbere y’Umwami Imana,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:19
73 Referans Kwoze  

Petero arabishura ati: “Umuntu wese muri mwebwe niyihane, abatizwe mw’izina rya Yesu Kristo, kugira ngo ivyaha vyanyu bibone guharirwa, ni ho muzoronka ingabire ya Mpwemu Yera.


Hanyuma ababwira ati: “Ndababwire ukuri, mudahindutse ngo mumere nk’abana bato, ntimuzokwigera mwinjira mu Bwami bw’ijuru.


Kuko imitima y’ubu bwoko ikomantaye; amatwi yabo ntashobora kwumva, kandi amaso yabo barayahumiriza. Ahandi ho bobonesheje amaso yabo, bakumvisha amatwi yabo, bagatahurisha imitima yabo; maze bagahindukira, nanje nkabakiza.’


yongere ihe akaruhuko mwebwe muri mu mibabaro, co kimwe natwe. Ivyo bizoshika ku musi Umwami Yesu azohishurirwako avuye mw’ijuru mu kibengebenge gikomeye c’umuriro ari kumwe n’abamarayika biwe b’ubushobozi bwinshi.


Ikiganza c’Umwami Imana cari kuri bo, bituma abantu benshi bizera, bahindukirira Umwami Yesu.


Ariko ntimwibagire iki kimwe, bakundwa: Ku Mwami umusi umwe ni nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe.


Kuko imitima y’ubu bwoko ikomantaye; amatwi yabo ntashobora kwumva, kandi amaso yabo barayahumiriza Ahandi ho bobonesheje amaso yabo, bakumvisha amatwi yabo, bagatahurisha imitima yabo; maze bagahindukira nanje nkabakiza.’


Kera mwari mumeze nk’intama zazimiye ariko ubu mwaragarutse ku mwungere w’ubugingo bwanyu.


Kuri uwo musi, azoba aje guhimbazwa n’abera biwe, gutazirwa n’abazoba baramwizeye bose. Muri bo namwe murimwo, kuko mwizeye intahe twabashingiye.


Bavyumvise ntibagira ico basubizayo, ahubwo bashima Imana, bavuga bati: “Erega noneho Imana ihaye Abanyamahanga na bo akaryo ko kwihana ivyaha vyabo ngo baronke ubugingo budashira.”


Azogarukana Abisirayeli benshi k’Uhoraho, Imana yabo.


Bene Data, ndagomba ko mumenya iri banga ngira ndababwire kugira ngo bibarinde ubwibone. Bamwe mu Bisirayeli bafise imitima ikomantaye, ariko ivyo bizorangira igitigiri c’Abanyamahanga binjira mu gakiza gikwiye.


Mu ruvyaro rw’umuntu umwe yakuyemwo amoko yose iyakwiza kw’isi yose. Ni yo yabashiriyeho igihe bazobaho, ibashingira n’imbibe z’aho bazoba.


Nuko ishengero rimaze kubarungika, baca i Foyinike n’i Samariya, biganira abandi bizera ingene Abanyamahanga na bo bizeye Imana, ivyo bitera umunezero mwinshi bene Data bose.


Uwo akwiye kuja mw’ijuru kurindirirayo igihe ivy’Imana yavugiye mu kanwa k’abavugishwa na yo bera vyose bishitse.


Abari bakoraniye hamwe na we baramubaza bati: “Mwami, none ubu ni ho ugomba ugarukane ubwami bwa Isirayeli?”


Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho.”


Abamugwanya abigisha mu bugwaneza, yizigiye ko Imana ishobora kubaha ukwihana gushobora kubashikana ku kumenya ukuri,


kugira yongere ibarungikire Kristo yabashiriweho, ari we Yesu.


Ni co gituma, ko isezerano ryo kwinjira aho kuruhukira yateguye rikiriho, dukwiye kwirinda kugira ngo ntihagire n’umwe muri mwebwe yohava atahashika.


Ariko arabihakana, abwira uwo mugore ati: “Haba na mba, sindanamuzi!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite