Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Biciye mu kwizera izina rya Yesu, uwu muntu yakize. Ni izina rya Yesu n’ukwizera kuva kuri we vyamukijije neza nk’uko muvyibonera mwese.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kand’ uyu, uwo mubona kandi muzi, kuko yizeye izina ry’uwo, iryo zina ryamuhaye inkomezi: mber’ ukwizera ahawe na we ni kwo kumukirije rwose imbere yanyu mwese.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:16
21 Referans Kwoze  

Nuko yumviriza Pawulo ariko arigisha, Pawulo na we aramwihweza, abona afise ukwizera kwotuma akira.


Nuko rero nimumenye neza ibi, mwebwe hamwe n’ubwoko bwose bwa Isirayeli: uwu muntu ahagaze imbere yanyu yakize mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, uwo mwabamvye, ariko Imana ikamuzura mu bapfuye.


Ariko Petero aravuga ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguha. Mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, va hasi utambuke!”


Nuko amara imisi avuga ivyo, gushika aho Pawulo adundumirwa, arahindukira abwira iyo mpwemu ati: “Mw’izina rya Yesu Kristo, ndagutegetse, muvemwo.” Ubwo nyene ya mpwemu ica iramuvamwo.


Yesu arahindukira, amubonye aramubwira ati: “Humura, mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije.” Ubwo nyene uwo mugore aca arakira.


Naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkagira ukwizera kwokwimura imisozi ariko ntagira urukundo, vyoba ari ubusa.


Ndababwire ukuri, uwunyizera wese azokora ibikorwa nk’ivyo nakoze, mbere azokora n’ibibiruta, kuko jewe ngiye kuja kwa Data.


Nuko barengutsa Petero na Yohana, batangura kubabazagiza bati: “Ni mu buhe bushobozi, canke mw’izina rya nde mwakoze ivyo?”


Nuko atangura gutambuka, yinjirana na bo mu rusengero, atambuka, yiterera hejuru, ahimbaza Imana.


Gorora ukuboko kwawe maze ukize, ukore ibitangaza n’utwumiza mw’izina ry’umusavyi wawe yera Yesu.”


Nimba mushobora gukeba umwana w’umuhungu ku musi w’Isabato kugira ngo mwubahirize icagezwe ca Mose, ni kuki munshavurira iyo nkijije umuntu ku musi w’Isabato.


Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana nk’abagororotsi imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.


Yesu aramubwira ati: “Ingo.” Petero aca ava mu bwato, atangura kugendagenda ku mazi aja iyo Yesu ari.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite